Umuhinga muvya eletronike w’umunyamerika yakorera ibiro bijejwe amatohozwa vya FBI yariyemereye ko yahaye amabanga atari make reta y’Ubushinwa igihe yakorera FBI.
Kun Shan Chun, n’umushinwa afise ubwenegihugu bw’Amerika yemeye muri sentare ya reta y’I New York kuwa mbere ko yahaye Ubushinwa amabanga ya FBI, hamwe n’amakuru y’ingendo z’abakozi b’ico gisata mu bice bitandukanye.
Ubushikiranganji bw’ubutungane bumenyesha ko yahaye amabanga Ubushinwa kuva m’umwaka w’2011 gushika uyu mwaka w’2016.
Chun, afise imyaka 46 y’amavuko, urubanza rwiwe ruzosomwa kw’italiki 2 z’ukwezi kwa 12, akaba ashobora gufungwa amezi arenga 27.