Reta ya Kiyislamu Iriyitirira Igitero mu Budagi

Uwagize igitero mu Budage ni impunzi y’umukangara w’umunyafuganistani w’imyaka cumi n’indwi, yararashwe n’igipolisi igihe yariko ahunga aho yagiriye igitero.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati wa Reta ya Bavariya, Joachim Hermann, avuga kw’igipolisi catoye idarapo ya Reta ya Kiyislamu, mu bintu vy’umukangara, yagize igitero kw’itereni afise ishoka n’imbugita, ku musi wa mbere. Abantu batari bake barakomeretse muri ico gitero.

Reta ya Kiyislamu yariyitiriye ico gitero mu vyo yatangaje, gatoyi inyuma yuko iyo darapo itowe.

Ku bw’itangazo rya Reta ya Kiyislamu, uwagize ico gitero n’umunyanyi wabo.

Uwagize ico gitero, impunzi y’umukangara w’umunyafuganistani w’imyaka cumi n’indwi, yararashwe n’igipolisi igihe yariko ahunga aho yagiriye igitero

Yateguye ico gitero inyuma y’akamo katewe na Reta ya Kiyislamu, ku bayishigikiye, kugira ibitero mu bihigu vyo mu burengero bw’isi.

Reta ya Kiyislamu, yariyitiriye ibitero bitari bike vyagizwe mw’izina ryayo, naho isano hagati y’uwo murwi n’abagira ivyo bitero bidatomoye.

Hamwe uwo mugwi woba uri inyuma y’igitero muri Bavariya, bwoba bubaye ubwa mbere uwo murwi igize igitero mu Budagi.