USA: Imyiyerekano Yiyamiriza Ubwicanyi ku Birabure

Abanyagihugu i New York, mu myiyerekano inyuma y'iyicwa rya Alton Sterling na Philando Castile

Ubwicanyi buherutse gukorwa n’abapolisi muri Leta zunze ubumwe z’Amerika ku banyamerika babiri b’abirabure bwatumye abantu bo mu bisagara bitandukanye vy’Amerika bihereza amabarabara kuva kuwa kane k’umugoroba.

Abo birabure bishwe haraheze imisi ibiri ni Philando Castile wo mu gisagara ca St. Paul, muri reta ya Minnesota, hamwe na Alton Sterling yiciwe mu gisagara ca Baton Rouge, muri reta ya Louisiana.

Iyo myiyerekano yabaye mu bisagara vya New York, Dallas muri Texas havugwa ko hoba hari n’abapolisi cumi n'umwe barashwe mugihe c'iyo myiyerekano, batatu bamaze gupfa.

Ahandi yabaye iyo myiyerekano n’I Newark, muri reta ya New Jersey; i Sarasota muri Florida na Grand Rapids muri Michigan hamwe n’ I Washington DC.

Iraswa ry’abo bantu babiri vyasubiye kuvyura ibibazo, ku nguvu z’umurengera zikoreshwa n’igipolisi, cane cane ku birabure muri Amerika.

Perezida Barack Obama yasavye ko amategeko yokoreshwa kugira bakure m’urwego rw’igipolisi amacakubiri ashingiye ku moko, mu kuvuga ko ababajwe n’ubwo bwicanyi.