Ikoraniro Kaminuza rya CNDD-FDD

Pascal Nyabenda

Pascal Nyabenda yahora arongoye CNDD/FDD, umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, yasezeye muri ayo mabanga.

Hari mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’uwo mugambwe ryatanguye kuri uyu wa gatandatu ku kibuga c’inkino citiriwe urukundo, muri komine Mwumba, ku mutumba wa Buye. Aho niho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza avuka.

Muri iryo koraniro hazoheza hatorwe indongozi nshasha no guhinyanyura amategeko y’umugambwe. Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Jean Bosco Ndarurinze yakurikiranye iryo koraniro mu gisagara ca Ngozi.

Your browser doesn’t support HTML5

CNDD meeting