Perezida Obama na Modi Baganiye Kw'ihindagurika ry'Ibihe

Perezida wa Amerika, Barack Obama, i buryo, ariko yumviriza umuhsikiranganaji wa mbere w'Ubuhindi, Narendra Modi ariko yishura ibibazo vy'abamenyeshamakuru mu gihe c'inama hagati y'abo bategetsi babiri mu ngoro kwa perezida, Maison Blanche i Washington, kw'italiki indwi, ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'i 2016.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yakiye ku musi wa kabiri, umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi, mu ngoro yiwe, Maison Blanche. Baganiye ku vyerekeye gukomeza umutekano, n’imigenderanire mu vy’ubutunzi, hamwe n’uburyo bw’ugushira mu ngiro amasezerano akomeye kw’ihindagurika ry’ibihe, yashitsweko mu mwaka uheze i Paris mu Bufransa.

Modi, ari kumwe na perezida Obama, yatangaje ko Amerika n’Ubuhindi bimaze igihe bikorana, ku bibazo bitari bike biraje ishinga amakungu, harimwo umutekano ku bijanye n’ubuhinga bwa nucleaire, iterabwoba hamwe n’ihindagurika ry’ibihe.

Amesezerano y’i Paris, kw’ihidagurika ry’ibihe, agenewe kugabanya imyuka igeramira ibidukikije irungikwa mu kirere.

Ubuhindi nico gihugu ca gatatu kw’isis kirungika mu kirere igitigiri kinini cane c’imyuka igeramira ibidukikije, inyuma ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’Ubushinwa.