Mogadishu: Igitero Cahitanye 10 kuri Hoteli

Muri Somaliya, kuruyu wa gatatu, har’igitero cabereye hafi y’imwe mu mahoteri akomeye murico gihugu. Ico gitero, nkuko bivugwa nabari ngaho, cahitanye abantu bashika kuri 10, abandi 15 barahakomerekera.

Imodoka yari itezwemwo ibombe ihagaze hafi y’ihoteri yitwa "Mogadishu’s Ambassador". Iyo bombe yahitanye abenshi murabo, aho bari bakoraniye mu gisabisho.

Umushingamateka Mohamed Ismail Shuriye, yabwiye radiyo Ijwi rya Amerika ko ico gitero cahitanye abashingamateka babiri, uwagatatu akaba yakomeretse nane.

Ico gitero kikaba cabaye inyuma yaho abarongozi ba Somaliya batangarije ko umwe mu bakuru b’umugwi Al-Shabab yahitanywe n’igitero cabaye mw’ijoro riheze, hagati y’uwo mugwi hamwe n’igisirikare ca Somaliya.

Mohamed Mohamud, azwi kuba ari Dulyadeyn, yoba yar’umwe mubagize igitero cabaye mu kwane kw’umwaka uheze, muri Kaminuza ya Garissa muri Kenya, igitero cahitanye abanyeshure bashika kw’ijana na mirongo ine n’umunani (148).

Dulyadeyn yiciwe mu gisagara ca Bula-Gaduud, kiri mu bumanuko, ku birometero 30 uvuye mu buseruko bwa Kismayo.

Somaliya, ari naco gihugu al-Shabab icumbitsemwo, kikaba kiri mu ntambara kuva mu mwaka w’2006, intambara yo kwiyamiriza ko Reta ya Kiyisilamu yiganzira Reta ya Somaliya. Abasirikare ba Amerika bakaba at’aruhara bafise muriyo mishamirano atar’ugufasha no guhanura igisirikare ca Somaliya nic’Ubumwe bwa Afrurika, AMISOM, mu kugwanya uwo mugwi w’iterabwoba al-Shabab.