Ingabo za USA Muri Siriya

Gen. Joseph Votel

Urugendo rw’abategetsi bakuru bakuru b’igisirikare ca Leta zunze ubumwe za Amerika muburaruko bushira ubuseruko bwa Siriya aho babobana n’abakomanda b’imigwi y’abagwanyi baba Kurdi mu ntumbero yo kugwanya reta ya kiyisilamu, vyatumye agashavu kaduga kubarobeli bataguva rumwe na reta ya Syria kuko bavuga ko, Amerika itagifise intumbero yo kubuhora igihugu ca Siriya.

Mu biganiro bitandukanye n’Ijwi rya Amerika kuri uno wambere, abarobeli bagabishije ko ibikogwa biyobowe na Amerika, biriko bituma hazoba ubundi bwicanyi hagati y’abarabu n’abakurdr muri kazoza.

Iryo gabisha rije nyuma y’urugendo rw’amasaha 11 rutari rwaratangajwe, rwagizwe na Generali Joseph Votel, umukomanda w’ibiro biyobora ibikogwa biyobowe n’abasirikare ba Amerika mukugwanya reta ya kiyisilamu.

Votel yavuze ko intumbero nyamukuru ya Amerika ari ugukorana n’imigwi y’abangwanyi bari kubutaka mu ntumbero nyamukuru yo kugwanya reta ya kiyisilamu, kandi ko igikuru atari ugukura Perezida Bashar al-Assad kubutegetsi.