Ubwongereza: Urukino rwasibijwe Ku Mvo Z’Umutekano

Ikibuga c'umupira w'amaguru c'i Old Trafford, mu buraruko bw'Ubwongereza

Mu gihugu c’Ubwongereza, urukino rw’umupira w’amaguru rwari guhuza imigwi ya Manchester United na Bournemouth rwarasibijwe kuwa mungu.

N’ inyuma yaho abategetsi b’Ubwongereza baboneye agatu gatekeye muri stade gateye amakenga bikeka ko yoba ari bombe yatezwe.

Abantu baharurwa mu bihumbi bari bamaze kwinjira muri stade basabwe gusohoka stade y’ahitwa Old Trafford kumvo z’umutekano, mugihe hari hasigaye iminota 20 kugira urukino rutangure.

Abahinga ba gisirikare b’Ubwongereza muvyo gutegura ababombe nibo baciye bayituritsa.

Umwe mu bategetsi ba Bulayi yamenyesheje ko iyo bombe yatezwe mugihe hari hamaze imisi hashikirizwa amajambo y’iterabwoba ku rubuga rwa internet ko hazogabwa ibitero ku bibuga vy’inkino bikoranirwamwo abantu benshi.