Burundi: Igitero c'Ibinyabwoya mu Cankuzo

Uburundi kw'ikarata

Mu ntara ya Cankuzo, mu buseruko bw’Uburundi, imirima yaratewe n’ibinyabwoya buyona. Muri komine ya Kigamba yonyene, amahegitari arenga ijana y’imirima aramaze guterwa.

Abarimyi bavuga ko hatabonetse umuti ushobora gutuza ivyo binyabwoya amapfa ashobora kubatera.

Mu buyobozi bw’uburimyi n’ubworozi baremeza ko ku makomine atanu agize intara ya Cankuzo, ane yamaze guterwa n’ivyo binyabwoya.

Muri ubwo buyibozi ariko bamenyesha ko umuti wo kubipompa wabonetse, kandi bariko bawutanga ku buntu, ku barimyi batewe n’ivyo binyabwoya.

Your browser doesn’t support HTML5

Imirima yatewe n'ibinyabwoya mu Cankuzo