Ukutavuga Rumwe Muri Sahwanya Frodebu

Muganga Jean Minani (Iburyo)

Muganga Jean Minani yakuwe kur’uno w’Imana mu mabanga yo kurongora umugambwe Sahwanya FRODEBU nyakuri. Uwundi ikoraniro kaminuza ridasanzwe ryahagaritse mu mabanga ni Issa Ngendakumana yahora ari umunyamabanga nshingwabikorwa .

Mu kiganiro n’Iradiyo Ijwi ry’Amerika, Minani avuga ko iyo ari inkinamico ya leta n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Yavuze ko barimo kugerageza uko bashoboye ntazotumirwe mu biganiro.

Minani yagirizwa n’uwamusubiriye mu mabanga yo kurongora uwo mugambwe ariwe Kefa Nibizi ko yinjiye muwundi muryango wa politike ariwo CNARED atabajije abanywanyi b’umugambwe.

Ikindi Minani yagirizwa n’abamubogoje mu mabanga n’uko yagiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza ivyo bise imigumuko.

Your browser doesn’t support HTML5

Jean Minani

Ngendakumana, uwundi yabogojwe mu mabanga yiyamirije iryo koraniro ryo kur’uyu wa mungu avuga ko ritisunze amategeko kandi ko ibizovamwo bitazoba bifise ifatiro.

Nibizi yatowe mu mabanga yo kurongora umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri avuga ko ivyari vyavuzwe na Ngendakumana vyasutwe mu mazi n’abitavye iryo koraniro ridasanzwe.

Yaheruka gutorwa kugira arongore inama CNARED gir’’ubuntu , inama yiyemeje guhagararira ibwirizwanshingiro ry’Uburundi n’amasezerano y’i Arusha.

Your browser doesn’t support HTML5

I Bujumbura, Evariste Nzikobanyanka