Burundi: Umwumvikano Muke Muri CNARED

Leonard Nyangoma, umukuru w'umugambwe CNDD, yahoze arongoye urunani CNARED

Ikoraniro rikuru ry’urunani CNARED ruharanira amasezerano y’I Arusha hamwe n’intwaro ibereye, rufise indongozi nshasha.

Urunani CNARED rwatoye abategetsi bashasha barurongoye, inyuma y’aho batunganirije inama nkuru mu gisara Louvain, mu gihugu c’Ububirigi, kuva kw’igenekerezo rya 23 gushika itariki 25 ry’ukwezi kwa kane.

Umukuru mushasha w’urwo runani, ni Dr Jean Minani arongoye umugabwe Frodeu Nyakuri, Iragi rya Ndadaye.

Leonard Nyangoma yatwaye urwo runani gushika ku musi wa mbere, aho akuriwe, yaraganiye na Radiyo Ijwi ry'Amerika, akaba atangura avuga ikintu yibaza ko yazize:

Your browser doesn’t support HTML5

Leonard Nyangoma avuga kw'ikurwa rye