Umukuru w’urwo runani mushasha ni Dr Jean Minani, arongoye umugambwe Frodebu Nyakuru, ashigikiwe n’abaVice president babiiri, Bernard Busokoza yigeze kuba icegara ca mbere c’umukuru w’igihugu hamwe na Onesime Nduwimana, yahoze ar’umuvugizi w’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD.
Inyuma y’aho iyo nkuru itangarijwe umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije, yaravuganye na Dr. Minani, atangura avuga ukuntu yakiriye ayo mabanga mashasha.
Your browser doesn’t support HTML5
Dr. Jean Minani kw'Ijwi ry'Amerika
Perezida Sylvestre Ntibatungamya yahoze atwara Uburundi, nawe nyene ahurikiye mur’urwo runani, yarahaye ikiganiro Frederic Nkundikije, araheza aramubwira ukuntu abona iryo hindurwa ry’abategetsi barongoye CNARED.
Your browser doesn’t support HTML5
CNARED- Ntibantunganya