USA: Perezida Barack Obama Aragendera Ubudagi

Perezida Obama na shanseliye w'Ubudagi Angela Markel

Perezida wa Leta zunze ubumwe z’Amerika Barack Obama yitezwe mu Bugadi kur’uyu wa mungu m’urugendo rw’imisi ibiri.

Obama na shanseliye w’Ubudagi Angela Merkel baza kuganira ku bibazo vy’ubutunzi, iterabwoba, umutekano hamwe n’ibindi bibazo bihanze isi.

Icegera c’umuhanuzi muvy’umutekano w’igihugu muri Amerika, Ben Rhodes yamenyesheje ko vyari nkenerwa ko Obama agendera Ubudagi imbere yuko arangiza amabanga yo kurongora Amerika kuko Merkel yabaye hafi ya Obama igihe cose amaze k’Ubutegetsi.

Mu bindi abo bategetsi bazoganira harimwo urugamba ibihugu rutura kw’isi rurimwo rwo kurwanya umugwi wa leta ya Kiyisilamu inyuma y’ibitero biherutse kuba I Buruseli n’I Paris mu mezi arangiye.

Imbere yo gutahuka ku musi wa mbere, Obama azoshikiriza ijambo aho azovuga aho Amerika ihagaze kubijanye n’migenderanire izoranga Amerika n’umugabane wa Bulayi muri kazoza.