Ubwongereza: Kuva mu Muryango wa Bulayi Ryoba ari Ikosa

Abakuru b'ibihugu bigize Umuryango w'Ubumwe bwa Bulayi

Umutegetsi mukuru mu bushikiranganji bw’ikigega ca leta mu Bwongereza George Osborne, amenyesha ko mugihe Ubwongereza bwova mu muryango w’ibihugu bigize ubumwe bwa Bulaya ryoba ari ikosha rikomeye cane rikozwe.

Mu rwandiko rugizwe n’impapuro 200 uwo mutegetsi yasohoye kuwa mbere, yamenyesheje ko umuryango umwe wose mu banyagihugu b’Ubwongereza ushobora gutakaza amadolari ashika 6100 buri mwaka gushika mu mwaka w’2030 mugihe ivyo vyoba.

Yiganiye ikinyamakuru BBC co mu bwongereza ko Ubwongereza bushobora gukena mugihe bwova mur’uyo muryango wa Bulayi, ati Igihugu ubu kirakomeye kandi kiratekanye bivanye nuko kiri kumwe n’abandi.

Mu kwezi kwa gatangatu italiki 23 niho abanyagihugu b’Ubwongereza bazohamagarirwa mu matora yo kwemeza canke guhakana ko igihugu cabo coguma canke cova mu muryango wa bulayi.