Sudani: Amatora ya Kamarampaka muri Darfour

Amatora ya referendumu agiye kumara ikiringo c’imisi itatu mu karere ka Darfur muri Sudani, yatanguye ku musi wambere naho Reta zunze ubumwe z'Amerika zivuga ko atazokwemegwe.

Ayo matora agamije kwemeza niba akarere ka Darfour kazogumya intara zitanu gasanzwe gafise canke ko kazohinduka akarere kigenga gafise reta yako itandukanye na reta rusange y’igihugu.

Abantu bagera kumamiliyoni atatu barateshejwe ingo zabo kubera intambara yabaye muri Darfour.

Naho Amerika ifise amakenga k’umutekano uri muri Darfour, umushikiranganji wa Sudan ajejwe amakuru Ahmed Bilal yavuze ko amatora ya kamarampaka abaye mugihe Darfour igizwe n’umutekano. Bilal yavuze ko Sudan iriko iragerageza kwubahiriza amasezerano y’umwumvikano yashizweko urukumu i Doha mu mwaka wi 2011 hagati ya reta ya Sudani n’abarobeli b’umugwi wa Liberation and Justice Movement.

Bimwe muvyari bigize ayo masezerano y’I Doha, n’uguhagarika uruhagarara, ugushira ibigwanisho hasi, gukingira agateka ka muntu ukwubahiriza ukwishira n’ukwizana kw’amashirahamwe ategamiye reta, ugusangira ubutegetsi hamwe n’ukwumvikana kubijanye n’ubwingenge bw’akarere ka Darfur, hamwe n’ugusangira amatungo y’igihugu.

Mu rwandiko basohoye mu mpera z’indwi iheze, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’amahanga bwavuze ko amahoro arama muri Sudan azoboneka vyonyene biciye mubiganiro vya politike bishingiye kubibazo nyamukuru vyatumye haba intambara muri Darfour. Ivyo vyatuma haboneka amahoro arama, hakanaboneka ikibanza Abanyesudani bashobora kugiriramwo ibiganiro bigizwe n’imigwi itandukanye kandi igizwe na bose mu masezerano y’I Darfour.

Bilal avuga ko abanye Darfour banejerejwe na referendum kandi ko, reta ya Perezida Omar al-Bashir yiyemeje kwubahiriza amasezerano y’umwumvikano y’I Doha. Avuga ati, Sudan yarashikirije ivyo yiyemeje mu kugira itora rya referendum ryatumye Sudani yepfo igira ubwigenge.

Bilal yongeye avuga ko buri gihe, abarobeli bama bariko basaba ibintu bidashoboka. Ati, “bamye bavuga ko ivyo tuzokora vyose bitegerezwa guhagarikwa gushika bashitse I Darfour, Bilal ati ariko ubuzima ntibushobora guhagara kubera bo.”