Burundi- Ingaruka Mbi z'Inzoga y’Ikibarube.

Inzoga zitemewe n’amategeko zicuruzwa mu makomine amwe amwe yo mu ntara ya Ngozi zirabangamiye amagara y’abanyagihugu.

Inzoga izwi cane mur’iyo ntara n’iyitwa Ikibarube. Mu gihe abanyagihugu bazinywa ataco binona, muganga Sendegeya Philbert arongoye intara y’ubuvuzi ya Ngozi asaba ababijejwe kuzituza kuko zigira ingaruka mbi ku magara y’abantu.

Musitanteri wa Komine Ruhororo, Mamerte Birukundi aziyamiriza avuga ko zifise ingaruka mbi nyinshi k’ubuzima bw’imiryango n’ubw’igihugu.

Inkuru dushikirizwa n’umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Jean Bosco Ndarurinze ukorera mu ntara ya Ngozi.

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi Boisson Prohibite