Ubufransa: Umwaka Umwe Charlie Hebdo Itewe

  • VOA Africa

Prezida w'Ubufransa,Francois Hollande ariko yibuka abahitanywe n'igitero cagizwe ku kinyamakxuru, Charlie Hebdo, kw'italiki 5 z'u kwezi kwa mbere, umwaka w'2015.

Perezida w’igihugu c’Ubufransa, Francois Hollande, yatanguje ku musi wa kabiri, indwi y’ukwibuka ibitero vy’intagondwa z’abayisilamu mu gisagara ca Paris. Ibyo vyatanguranye n’igitero cagizwe ku kinyamakuru gisohoka uko indwi itashe, Charlie Hebdo, no ku gipolisi haraheze umwaka, igitero cahitanye ubuzima bw’abantu cumi n’indwi.

Ibitero vyo kw’italiki indwi z’ukwezi kwa mbere mu mwaka w’2015, vyabaye intango y’ibitero bitari bike vy’intagondwa z’aba Islamu mu gihugu c’Ubufransa birimwo ibitero vyagizwe kw’italiki cumi na zitatu z’ukwezi kw’icumi na rimwe, mu gisagara ca Paris, vyahitanye abantu ijana na mirongo itatu.

Imiryango y’abahitanywe n’ivyo bitero bifatanije na Perezida w’Ubufransa, Francois Hollande, n’abandi bategetsi mu kwibuka igitero cagizwe ku cicaro c’ikinyamakuru, Charlie Hebdo.

Perezida Hollande mu nyuma yaho yibutse abantu bane bishwe mu kibanza gikomeye c’Abayahudi abantu baguriramwo ibintu. Hollande kandi yabonanye mu kanya gatoyi na bamwe mu barokotse ico gitero.