Ikigabane ca 506 c’itegeko rya reta zunze ubumwe za amerika ryo mu 1974, kiraha uburenganzira president wa reta zunze ubumwe za amerika bwo guhagarika ubwo burenganzira hamwe no gukura igihugu ku ruronde rw’ibihugu, bifise uburenganzira bwo kugura no gushora ibibandazwa muri amerika ata matagisi bitanze, mu gihe President abonye kw’igihugu kitariko kirakora ibikenewe kugira ngo kigume kur’urwo tutonde.
President Barack Obama yagize rero ati: Nisunze ikigabane ca 506 co mur’iryo tegeko ryo mu 1974, nafashe ingingo ivuga kw’Uburundi butabandanije kugira intambwe nk’uko ico kigabane ca 506 kibivuga. Ati nico gituma rero nafashe ingingo yo gukura Uburundi ku rutonde rw’ibihugu vyo muri Afrika yo musi ya sahara, bifise amahirwe yo kugura no gushobora ibidandazwa muri Reta zunze ubumwe za amerika ata matagisi arinze gutangwa, muri ya programe bita AGOA. Iyo ngingo izotangura gushirwa mu ngiro kuva kw’itariki ya mbere y’umwaka w’2016