ONU: Kurengera Ibidukikije Birihutirwa

COP21

Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-moon asaba abitavye inama iriko ibera I Paris kubidukikije gupfundika amasezerano mpuzamakungu kugira hagabanuko ubushuhe buhanze isi.

Ban Ki moon yabibwiye abanyamakuru ejo kuwa kane mugihe yar’asubiye I Paris kubandanya ibikorwa vy’iyo nama, bitegekanijwe ko mu ndwi iza ariho hazosohoka icegeranyo c’ivyo bazoba bumvikanye.
Atangaza ko isi yamaze imyaka myishi atategeko mpuzamakungu rikingira ibidukikije riyigenga.

Ban Ki-moon yumvikanishije ko isi idakwiye gutakaza umwanya, ko ahubwo igikenewe ari uko habaho amasezerano azotuma ibidukikije bikingirwa, bityo isi igatera imbere, ikabamwo amahoro n’umutekano.