Burundi: Umukuru wa Zone Nyagasasa Yaragandaguwe

Abarundi barahunga umutekano muke

Mu Burundi, umukuru w’umutumba wa Mugendo Ndengo zone Nyagasasa komini Mugamba mu ntara ya Bururi yagandaguwe ku italiki ya 26 y'ukwezi kwa 11 umwaka w'2015. .

Amakuru ava mu muryango wiwe no mu babanyi biwe avuga ko yari afise abamuhigira bamuhora ko afatisha ugwaruka gwagiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Fidelite Ishatse ukorera mu ntara zo mu majyepfo y'u Burundi.

Your browser doesn’t support HTML5

Iyicwa rya Mutwa Jerome