Willy Nyamitwe ni umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu
Ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi bimenyesha ko bizi abadurumbanya umutekano mu gihugu, kandi ko babitumwa n’umurwi w’abanyapolitike bari hanze y’igihugu.
Willy Nyamitwe, umuhanuzi mukuru wa Perezida Nkurunziza mu by'itumanahao, yashikirije ayo makuru mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa kane igenekerezo rya 26 ry’ukwezi kw’icumi na rimwe.
Umushingantahe Willy Nyamitwe avuga kw’ibiganiro bimaze kuba, kandi bimaze guhuza impande zimwe zimwe, zirimwo abanyamasengero.
Ku cuka kibi kirangwa hagati y’Uburundi n’amakungu, Nyamitwe avuga ko reta y’Uburundi yiteguriye kwitaba ibiganiro yatumiwemwo n’ubumwe bwa Bulaya
Your browser doesn’t support HTML5
Willy Nyamitwe ku bibazo byo mu Burundi