Burundi: Batatu Barishwe mu Nyakabiga na Kanyosha

Abapolisi bacungereye umutekano

Abapolisi bacungereye umutekano

Abantu batatu, barishwe mu mirwano yabaye mw'ijoro ryo kuwa kabiri kw’igenekerezo rya 24 ry’ukwezi kw’icumi na rimwe mu 2015 mu micungararo y'igisagara ca Bujumbura.

Ayo makuru aremezwa n’igipolisi c'u Burundi gisobanura ko n’abapolisi batatu bakomeretse bariko baratana mu mitwe n’abantu bitwaje ibigwanisho muri Nyakabiga.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi avuga kandi ko hari abanyamahanga 18 bafatiwe mu ntara ya Bujumbura bafise impapuro zitemewe zibaranga.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika I Bujumbura Evariste Nzikobanyanka ni we wakwirikiranye iyi nkuru..

Your browser doesn’t support HTML5

Ubwicanyi burabandnaya mu Burundi