Umwuka Mubi Hagati Y’Uburundi N’Urwanda, Wariyongeye

  • Frederic Nkundikije

President PIerre Nkurunziza

Imigenderanire hagati y’Uburundi n”Urwanda irimwo icuka kibi ca politike kibonekera mu ngingo zafashwse zo guhagarika uruja n’uruza ku mipaka, ivyo bihugu, bisangiye.

Iyo migenderanire yarabandanjije itosekera, gushika n’aho umutegetsi yakora muri Ambassade y’Urwanda mu Burundi, Desire Nyaruhirira yirukanwa.

Mu ndwi iheze naho, President Paul Kagame yarareze reta yUburundi ibirego bikomeye, hanyuma na reta y’Uburundi iragira ico ivuze kur’ivyo birego, mu kiganiro catanzwe n’umuhanuzi mukuru wa President, Willy Nyamitwe.

Mu kiganiro cacu Murisanga, twatumiye abashingantahe Jean Marie Vianey Ndagijimana, yahoze ar’umushikiranganji ajejwe imigenderanire mu Rwanda hamwe na Deo Hakizimana, arongoye ishirahmwe CIRID.

Mushobora kwumviriza

Your browser doesn’t support HTML5

Umwuka mubi hagati y'Uburundi n'Urwanda