Burundi: Umuvugizi w'Umugambwe UPD-Zigamibanga Yishwe

Umuvugizi w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA Patrice Gahungu yaraye agandaguwe n abantu bataramenyekana bamusanze hafi y'umuhana wiwe muri komini ya Gihosha.

Amakuru dukesha polisi y'u Burundi n'abayobozi b'uwo mugambwe yemeza ko abamugandaguye bamusanze ari iruhande yaho aba hari igihe c’isaha zitanu z’ijoro.

Marina Barampama yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihigu, kw’izina ry'umugambwe UPD zigamibanga avuga ko ubwo bwicanyi buri mu gihugu bwibasira abatavuga rumwe n ubutegetsi.

Hari n'ibindi biziga bine vyatowe muri zone nshasha ya Cibitoke, muri komini Ntahangwa mu ruzi rwitwa Nyabagere.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura mu Burundi Fidelite Ishatse ni we wakurikiranye iyi nkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

Umunyapolitiki wa UPD-Zigamibanga Yishwe mu Burundi