Burundi: Ntibatunganya Yarahatswe Kwamburwa Pasiporo Mu Bubirigi

Ibendera ry'UBurundi

Inyuma y’aho ashikiye ku kibanza c’indege mu mpera z’indwi iheze, President Sylvestre Ntibantunganya yahoze atwara Uburundi, yarahaswe ibibazo bijanye na Passport- igitabo c’inzira ciwe.

Inyuma y’aho ashikiye ku kibanza c’indege mu mpera z’indwi iheze, Sylvestre Ntibantunganya yahoze atwara Uburundi, yarahaswe ibibazo bijanye na Passport- igitabo c’inzira ciwe. Umushingantahe Ntibantunganya avuga ko reta y’Uburundi yoba ariyo iri inyuma y’ivyo bibazo yagize ku kibanza c’indege Zaventem, mu gihugu c’Ububirigi.

Your browser doesn’t support HTML5

Perezida Ntibantunganya ku Kibanza c'Indege i Buruseri

Yamara, Willy Nyamitwe, umuhanuzi mukuru mu biro kwa Perezida w’Uburundi, arabeshuza amakuru avuga ko reta y’Uburundi ibifisemwo uruhara. Avuga kw’ivyashikiye perezida Ntibatunganya, bishobora kuba vyavuye ku kwihenda kw’abajejwe abinjira n’abasohoka mu gihugu c’Ububirigi:

Your browser doesn’t support HTML5

Willy Nyamitwe ku vyashikiye Perezida Nibantunganya i Buruseri