Kiliziya Gatolika Isabira Amahoro u Burundi

Amahoro arakenewe mu Burundi

Mu Burundi, abakirisitu Katolika barenga igihumbi bazindukiye murugendo rwo gusabira igihugu amahoro.

Urwo rugendo rwari rwategekanijwe gusozererwa mu gasengero ka Bikira Mariya Kuri Mont Sion Gikungu inyuma y'inkuka ya misa ntirwabaye rugisozererwa muri ako gasengero.

Impamvu ni uko hari akarwi k'abantu bemeza ko bari baje kuturumbanya umutekano ariko umutima ukabanka bagaheza bakabimenyessha abajejwe umutekano. Musenyeri Evariste Ngoragoye aramutswa arikidiyosezi ya Bujumbura akaba yahamagariye munsiguro yiwe zina Murundi wese kwubaha ubuzima bwakiremwa Muntu.

Ni inkuru yakurikiranwe n'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe uri i Bujumbura.

Your browser doesn’t support HTML5

Urugendo rw'Amahoro mu Burundi