Burundi: Hussein Radjabu Avuga ko Azakomeza Politiki

  • Frederic Nkundikije

Umnyapolitiki w'umurundi Hussein Radjabu

Inyuma y’aho hatangarijwe amakuru avuga ko Hussein Radjab yatorotse ibohero rya Mpimba, Ijwi rya Amerika, ryaramubajije ibibazo bitandukanye, birimwo ukuntu yavuye mur’iryo bohero.

Mu kiganiro yahaye Radiyo Ijwi rya Amerika, Hussein Radjab avuga kw’igihe cose yari mw’ibohero rya mpimba, abanyagihugu bamushigikiye bamugumye inyuma , kandi banamufashije kuva mur’iryo bohero.

Avuga kw’atigeze aheba politike ngo arinaco gituma n’ubu agiye kuyibandanya. Avuga kw’agiye gutera akamo abandi banyapolitike barenganijwe hamwe n’abanyapolitike avuga ko bangajwe, kugira ngo batahuke mu gihugu, baharanire demokrasi.

Hussein Radjab aragaruka kandi ku kiringo c’imyaka umunani yapfunzwe, akaba avuga kw’ico gihano yahawe arico gihano ca mbere gikabije gihawe umunyapolitike.

Hussein Radjabu yaragnaiye n'mumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije

Your browser doesn’t support HTML5

Hussein Radjab ku mwidegemvyo arimwo

Kur'iyi nkuru kandi, umumenyeshamakuru Etienne Karekezi yavuganye n'Umuhanuzi mukuru mu biro kwa perezida w'Uburundi, Willy Nyamitwe.

Your browser doesn’t support HTML5

Willy Nyamitwe Avuga ku byatangajwe na Hussein Radjabu