Ikiringo Cahabwe FDLR Co Gushira Ibigwanisho Hasi Cararangiye

  • Frederic Nkundikije
Olivier Nduhungirehe, Icegera ca ambassaderi aserukira Urwanda muri ONU

Olivier Nduhungirehe, Icegera ca ambassaderi aserukira Urwanda muri ONU

Abanyarwanda bari mu murwi urwanya ubutegetsi mu Rwanda ufise icicaro mu gihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, ntibubahirije ikiringo ca nyuma bahawe co gushira ibigwanisho hasi, nk’uko ishirahamwe mpuzamakungu, ryari ryabisavye.

Vyongeye, abarwanya ubutegetsi bo mu murwi FDLR basaba kwongerwa ikiringo c’amezi atandatu kugira ngo babandanye igikorwa co gushira ibigwanisho hasi; igikorwa bavuga ko batanguye.

Yamara reta y’Urwanda ivuga kw’abarwanyi bo mu muhari FDLR badakwiye kwongerwa ikindi kiringo ngo kuko aribwo buryo bama bakoresheje mu gushaka gutebesha ibintu.

Reta y’Urwanda ivuga ko FDLR ikwiye kwamburwa ibigwanisho ku nguvu, nk’uko icegera ca ambassaderi aserukira Urwanda muri ONU, Olivier Nduhungirehe yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika.

Mushobora kwumvuririza.

Your browser doesn’t support HTML5

Olivier Nduhungirehe avuga ku kiringo ca nyuma cahawe FDLR