Urubanza Rw’igandagurwa Ry’abanyamulenge Bwabereye Mu Gatumba

  • Frederic Nkundikije

Agathon Rwasa

Kw’igenekerezo rya 3 ry’ukwezi kwa cumi na kabiri umwaka w’2014, harategekanijwe urubanza rwashinzwe n’abarongoye ishirahamwe ry’abacitse kw’icumu mu Gatumba

Urwo rubanza rwagiriza Agathon Rwasa yahoze arongoye umuhari FNL wagwanije ubutegetsi mu Burundi hamwe na Pasteur Habimana kw’aribo batunganije ubwo bwicanyi bwahitanye ubuzima bw’abanyamulenge bari mw’ikampi y’impunzi mu Gatumba.

Umukuru w’iryo shirahamwe ry’abacitse kw’icumu, Olivier Mandevu, avuga ko ku musi wa gatatu itariki zitatu z’ukwezi kwa cumi na kabiri, ar’umusi uhambaye kuko buzoba bubaye ubwa mbere abari barongoye umuhari warwanya ubutegetsi mu Burundi FNL, barenguka imbere y’ubutungane kwisigura:

Yamara umukuru w’urundi ruhande rwa FNL, Agathon Rwasa, arinawe nyene yararongoye uyo murwi ukigwanya reta y’Uburudi, avuga kw’ata rubanza azokwitaba kur’iryo gnekerezo, ngo kuko ata muntu n’umwe wo mu butungane bwo mu Burundi yabimumenyesheje:

Reka dutangure twumvirize Olivier Mandeveu arongoye ishirahamwe ry’abacitse kw’icumu mu bwicanyi bwabereye mu Gatumba:

Your browser doesn’t support HTML5

Olivier Mandevu ku Rubanza rw'Ubwicanyi mu Gatumba

Mushobora kandi kwumviriza ikiganiro twagiranye na Agathon Rwanda, arongoye urundi ruhande rw’umugambwe FNL, yahoze atwara umurwi FNL warwanya ubutegetsi.

Your browser doesn’t support HTML5

Agathon Rwasa ku rubanza rw'Ubwicanyi mu Gatumba