Prezida wa Amerika, Barack Obama, Yararekuriye Ibitero vy'indege z'Ingwano, ku Murwi Islamic State, muri Syria.

  • VOA Africa

Prezida wa Amerika Barack Obama ariko ashikiriza ijambo, abanyamerika kuri televiziyo ku migambi yiwe y'ukurwanya umurwi Islamic State

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yararekuriye ibitero vy'indege z'ingwano, ku barwanyi b'umurwi Islamic State, mu gihugu ca Syria, mu bubaye ubwa mbere.

Mu migambi yashikirije, ku musi wa gatatu, mw'ijoro, kw'iyagurwa ry'ibikorwa vya gisirikare vya Amerika, ku murwi Islamic State, prezida Obama, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizoyobora igikorwa c'ugusambura intagondwa z'umurwi Islamic State, aho ziri hose, zikoresheje indege z'ingwano, n'inteko z'urunani rugizwe n'amakungu.

Prezida Obama, yavuze kw'ico bashaka gushikako gitomoye, ngo n'ugusenya umurwi Islamic Stat,e biciye mu gikorwa gikomeye c'ukurwanya iterabwoba.

Prezida Obama, yarashikirije uwo mugambi ugizwe n'ingingo zine, kubandanya ibitero vy'indege z'ingwano biza vyarashoboye kwigizayo abarwanyi b'umurwi Islamic State, mu gihugu ca Iraki. Ivyo vyoba ar'ukuvuga gusanga abarwanyi b'umurwi Islamic State, mu gihugu ca Syria, niyo vyakenerwa, mu buzoba bubaye ubwa mbere.

Kwongereza igikorwa c'ugufasha inteko ziri ku butaka, mu gihugu ca Iraki,kKwongereza utwigoro tw'ugutuma umurwi Islamic State, utabandanya kuronka amafranga, n'ukubandanya guha infashanyo abageramiwe n'umurwi Islamic State, harimwo abasivile ataco bazira, n'amadini agizwe n'abantu bari ku rushi, umurwi Islamic State urya umutima.