Liberia Ibandanya Kugira Ibibazo, mu Rugamba rw'Ukurwanya Ebola

  • VOA Africa

Umwe mu banyamerika bari banduye Ebola muri Liberia bakize, Kevin Brantly asohotse ibitaro vyo kuri kaminuza ya Emory, mu gisagara ca Atlanta, mu ntara ya Georgia

Umutekano uvurwa ko wagarutse, mu gice ca West Point, ku murwa mukuru w’igihugu ca Liberia, Monrovia, umusi umwe inyuma yuko igipolisi kirwanya imigumuko gitanye mu mitwe n’ababa mur’ico gice, bariko bagerageza kurwanya ikumirwa ryari ryagizwe, mu gice babamwo, mu gikoro k’ukurwanya ikwiragira ry’ikiza ca Ebola.

Abantu bane, canke barenga, barakomeretse, ku musi wa gatatu, igihe igipolisi carasa insoro, n’imyuka ibabaza mu maso, kugira gishwiragize abantu bari mu myiyerekano, bariko batera amabuye, bari bashavujwe n’iyugarwa ryabaye giturumbuka, ry’amabarabara yinjira n’ayasohoka, mu gice babamwo.

Muri ico gihe, abagira neza babiri b’Abanyamerika babiri, bari banduye umugera wa Ebola, mu gihugu ca Liberia, barakize, bakaba baravuye mu bitaro vyo mu gisagara ca Atlanta, mu bumanuko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Kenta Brantly, na Nancy Writebol, bavuriwe mu bitaro vyo kuri kaminuza ya Emory, n’imiti irimwo umuti ukiriko urageregezwa, uzwi kw’izina rya ZMapp.

Nibo bantu ba mbere bavuwe, hakoreshejwe uwo muti, abaganga bakaba batazi nimba warabafashije gukira.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, O-M-S, ryamenyesheje kw'abantu igihumbi n'amajana atatu na mirongo itanu bapfuye, bahitanywe n’ikiza ca Ebola, mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, amajana atanu na mirongo irindwi na batandatu muribo, bakaba bava mu gihugu ca Liberia.