Igitero ca Bombe Cahitanye Abantu 14, mu Bunywero, muri Nigeria

  • VOA Africa

Nigeria kw'ikatara

Igitero ca bombe, mu bunywero mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, cahitanye abantu cumi na bane, canke barenga, bariko barorera urukino rw’umupira w’amaguru, kuri televiziyo.

Ico gitero cabaye, ku musi w’Imana, cabereye mu gisagara ca Mubi, mu ntara ya Adamawa.

Nta numwe yiyitiriye ico gitero, yamara abantu bikeka umurwi w’abarwanyi, Boko Haram. Umurwi Boko Haram, wishe abantu ibihumbi n’ibihumbi, mu mugambi w’ugushiraho Reta y’aba Islamu, mu buraruko bw’igihugu ca Nigeria. Uurwi Boko Haram, wagize imbohe abanyeshule b’abigeme amajana abiri, haheze indwi zitari nke.