Ubutungane Bw’ububirigi, Bwaranse Kurungika Mu Burundi, Alexis Sinduhije

  • Frederic Nkundikije

Daniel Kabuto

Mur’iyi ndwi, umucamanza wo muri sentare yo gihugu c’Ububirigi, yarafashe ingingo yo kudasubiza inyuma, Alexis Sinduhije, naho reta y’Uburundi yari yasavye kw’arungikwa mu Burundi.
Inyuma y’aho iyo ngingo ifatiwe, abategetsi b’Uburundi baratangaje ko barindiriye ko reta y’Ububirigi ibibamenyesha icese bicishijwe mu nzego zizwi hagati ya reta y’Ububirigi hamwe n’Uburundi. Yamara bavuga ko naho batashimye iyo ngingo, bubahiriza ubwigenge bwa sentare, nk’uko bitegerezwa kumera mu gihugu cose kirimwo demokrasi.

Bavuga kandi kw’umutahe mpuzamakungu wo guhagrika Alexis Sinduhije ukiriho kandi ko bizeye kw’azoteba ashikirizwa ubutangane kugira ngo abazwe ibirego vyo kugumura abanyagihugu; kugira imbohe abapolisi hamwe no kubaka ibigwanisho:

Mushobora kwumviriza ikiganiro twagiranye na Daniel Kabuto, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe imigenderanire hamwe no gufashanya n’amakungu.

Your browser doesn’t support HTML5

Daniel Kabuto avuga ku rubanza rwa Alexis Sinduhije