Bombe zahitanye Abantu 6 Nairobi muri Kenya

  • VOA Africa

Ikarata y'igihugu ca Kenya

Amabombe yaturikiye kqu murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, Nairobi, yahitanye abantu batandatu, canke barenga, abandi batari bake barakomereka.

Ayo mabomba yaturitse, ku muhingamo wo ku musi wa mbere, mu gice kirimwo aba Somalia benshi.

Umutegetsi mukuru w’igipolisi co ku murwa mukuru, Nairobi, yatangaje kw’abantu mirongo ibiri na batanu, canke barenga, bakomeretse.

Ubururo bubiri, n’igice co hanze y’ivuriro ry’abakenyezi, vyarononywe n’ayo mabombe.

Umurwi w’abarwanyi b’abanya Somalia, al-Shabab, waragabishije ibitero ku gihugu ca Kenya, kiretse ico gihugu gikuye inteko zaco, mu bumanuko bwa Somalia