USA: Abarundi Baragize Imyiyerekano i Washington DC.

  • Fidele Niyongabo

Abarundi mu myiyerekano i Washington DC

Iyo myiyerekano yataguwe n'ishirahamwe, "Engage for Action in Burundi", EFAB-Biraturaba

Your browser doesn’t support HTML5

Abarundi mu myiyerekano i Washington DC


Ku musi wa gatandatu, Abarundi bavuye mu bice bitandukanye vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika barahuriye i Washington DC, mu myiyerekano bavuze ko yari iy'ukwiyamiriza ubwicanyi bufatiye ku mpamvu za politike, n'ihonyangwa ry'agateka ka muntu mu Burundi.

Abarundi mu myiyerekano i Washington DC



Iyo myiyerekano yatanguriye imbere y'inyubakwa y'inama nshingamateka ya Amerika, irangirira imbere y'inyubakwa y'ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche.

Iyo myiyerekano yataguwe n'ishirahamwe, "Engage for Action in Burundi", EFAB-Biraturaba.
Twaravuganye na Thierry Uwamahoro na Methode Ndikumana bo mw'ishirahamwe, "Engage for Action in Burundi", EFAB-Biraturaba, bari mu bateguye iyo myiyerekano hamwe na bamwe mu bari bayitavye. Tubatege amatwi: