Yamenyesheje ko bariko baheraheza imyiyetaguro y’iryo higanwa ntangere, rizohuza ibihugu mirongo ibiri na bitanu vyo kw’isi.
Jean Berchmans Manirakiza, yahoze ari umukinyi ku rwego rw’aba professionels, yarafashije mu kuronsa ibikoresho bimwe bimwe imikangara izoserukira Uburundi, mu gikombe c’isi yose, c’umupira w’amaguru, muri Bresil, mu kwezi kuza.
Vianney Ndihokubwayo, azoba ari capitaine w’umurwi uzoserukira Uburundi, na Eric Nimbona, umwe mu bakinyi bo mu murwi uzoserukira Uburundi, bavuga ko bazokora ibishobotse vyose, mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru c’abana bo mw’ibarabara, kizoba mu kwezi kuza, muri Bresil, kugira baheshe iteka bagenzi babo bahoze baba mw’ibarara, abakiba mw’ibarabara, igihugu cabibarutse c’Uburundi, mbere n’akarere kose ka Afrika.
Your browser doesn’t support HTML5
Uburundi mu gikombe c'isi yose c'Abana bo mw'Ibarabara mu Gihugu ca Bresil mu Kwezi Kuza