Iciyumviro nyamukuru n’ukwugurura compte muri banki yo mu Burundi, kugira ngo babafashe kuza barashira hamwe udufaranga tw’intererano yotangwa kira kwezi, maze amafaranga azotorokanywa akazofasha iyo department mu buryo butandukanye.
Ikindi kintu abo bashingantahe n’abafasoni, barimwo Athanase Gahungu, Ildephonse Horicubonye hamwe na Consolata Nahimana bashikirije, n’ukuraba ukuntu abarundi bigisha muri za kaminuza zitandukanye zo muri reta zunze ubumwe za amerika, boshikira za kaminuza na department bakorera muri reta zunze ubumwe za amerika kugira ngo basabe uburyo bwo gufasha department y’Icongereza muri kaminuza y’Uburundi, haba mu gutanga ibitabo canke mu kurungika abigisha baja gufasha mu gikorwa co gukarisha ubwenge hamwe no mu gikorwa co kwigisha.
Mushobora gutege amatwi ikiganiro:
Your browser doesn’t support HTML5
Athanase gahungu, Ildephonse Horicubonye na Consolata Nahimana