Mikhail Khodorkovsky Yarabonanye n’Umuryango Wiwe, mu Gisagara ca Berlin

  • VOA Africa

Mikhail Khodorkovsky

Umurwizatunga akomeye w’umurusiya, Mikhail Khodorkovsky, yarasubiye guhura n’umuryango wiwe, mu gisagara ca Berlin, ejo ku musi wa gatandatu, umusi umwe inyuma yuko arekuwe, inyuma yuko apfunzwe mu kiringo c’imyaka cumi, mu Burusiya.

Umuvugizi wa Khodorkovsky, yatangaje ko yabonanye n’umwana wiwe w’umuhungu mukuru, Pavel, n’abavyeyi biwe, Marina na Boris, bagiye n’indege mu gisagara ca Berlin kumuraba.

Marieluise Beck, umushingamateka mu gihugu c’Ubudagi, akaba ashigikiye Khodorkovsky, nawe nyene yarabonanye nawe. Avuga ko yaharaniye uburenganzira bwiwe, mu kiringo c’imyaka itari mike, ngo yamara ntiyari bwahure nawe imbere yaho.

Khodorkovsky, yamaze igihe kirekire anebagura prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yamaze igihe kirenga imyaka cumi apfunzwe, mu Burusiya, kubera ukutariha amatagisi n’ukunyuruza amafranga.

Yavuye mu gihugu c’Uburusiya, agana igisagara ca Berlin, ku musi wa gatanu, gatoyi inyuma yuko prezida w’Uburusiya Vladimir Putin, ateye igikumu ku rwandiko rwamugirira imbabazi.

Bitegekanijwe ko Khodorkovsky, aha ikiganiro abemenyeshamakuru, uno musi ku w’Imana, mu gisagara ca Berlin.

Khodorkovksy, yahoze ayoboye isosiyete icukura ibitoro, Yukos, yabonywe mu kiringo kitari gito, n’abantu batari bake ko yapfungiye ivya politike.