Abanyamerika baributse imyaka Mirongitanu Irangiye president kennedy agandaguwe.
Reta ya amerika ku musi wa gatanu igenekerezo rya 22 ry’ukwezi kwa cumi na rimwe, yaributse imyaka 50 irangiye president John F. Kennedy agandaguwe, mu birori bitanguye vyabereye mu ntara ya Texas hamwe n’umwanya w’agacerere mu bisagara hamwe no mu bibanza bitandukanye.
President Barack Obama yatanze amategeko avuga kw’amadaropo ya amerika yose azoba adugijwe gushika hagati gusa.
Ku musi wa gatanu, amasengero yariko aravuza amakengeri mu gisagara ca Dallas mu ntara ya Texas; igisagara kiri mu bumanuko bushira uburengero, aho president Kennedy yagandaguriwe. Harabaye kandi n’ umwanya w’agacerere mu bibanza bikomakome, vyaranze ubuzima bwa president Kennedy.
Umuhinga mu vyerekeye kahise, David McCullough, yarasomye amajambo amwamwe yashikirijwe na president Kennedy.
President Barack Obama yavuze ko nyakwigendera president Kennedy yar’intwari idasanzwe, yabona kure.
President Obama yarashize urugori rw’amashurwa ku mva ya president Kennedy, ku kaburi kitwa, Arlingotn national Cemetery, mu micungararo y’igsagara ca Washington DC, ku musi wa gatatu.
Amakuru yatohojwe n’ibinyamakuru nka CNN, yerekana ko president Kennedy, ariwe mupresident wa Reta zunze ubumwe za amerika yakundwa cane n’abanyagihugu. Ibiharuro vyashikirijwe, vyerekana ko yakundwa ku majwi 90%. Nta mupresident n’umwe wa reta zunze ubumwe za amerika, yegereza ayo majwi.