Libya Irangwa n’Imyiyerekano y’Ukwiyamiriza Ubwicanyi, ku Murwa Mukuru Tripoli

  • VOA Africa

Umushikikranganji wa mbere w'igihugu ca Libya, Ali Zeidan

Imirimo y’ubudandaji, n’amashule nka yose birugaye, ku murwa mukuru w’igihugu ca Libya, Tripoli, mu kiringo c’imyiyerekano y’imisi itatu y’ukwiyamiriza ubwicanyi bw’imirwi yitwaje ibirwanisho, ku murwa mukuru, Tripoli.

Amabarabara, ku murwa mukuru aragaragara, mu gihe ababa ku murwa mukuru bashizeho ama barriers y’ugukingira ibice babamwo ubundi bwicanyi bushobora kuba.

Ku musi wa gatatu abantu bitwaje ibirwanisho bararashe, ku bari mu myiyerekano, bariko basaba kw’abo bantu bava ku murwa mukuru, Tripoli.

Abantu mirongo ine na batatu, canke barenga, barishwe abandi barenga amajana ane na mirongo itanu barakomereka.

Umuntu umwe yarishwe, ku musi wa gatandatu, igihe ukundi gutana mu mitwe kwaduka, ku murwa mukuru wa Libya, Tripoli, igihe abasirikare n’abarwanyi bashigikiye Reta bagerageza kugarukana umutekano.

Telaviziyo ya Reta y’igihugu ca Libya yaragabishije abantu bitwaje ibirwanisho kubishira hasi bakarekera umutekano Reta. Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Libya, Ali Zeidan, yasavye nawe nyene abantu bitwaje ibirwanisho, kuguma hanze y’umukurwa mukuru Tripoli.