Ikigo Shalom Carahimbaje Imyaka 20 Kimaze

  • Frederic Nkundikije

Marguerite hamwe n'Abasenyeri

Kw'igenekerezo rya 31 ry’ukwezi kw’icumu, ikigo Shalom ca Marguerite Barankitse carahimbaje imyaka 20.
Abatumire bavuye mu mihongo itandukanye yo kw’isi, barifatanije n’abayobozi b’ico kigo, mu biro vyabereye ku kicacaro c’ico kigo, mu Ruyigi.

Vice president wa kabiri, Gervais Rufykiiri niwe yari yaserukiye reta y’Uburundi.

Umuyobozi w’ico kigo, arinawe yagishinze, Marguerite Barankitse yarahaye ikiganiro Iradiyo Ijwi rya Amerika, araheza aravuga ukuntu iyo sabukuru yahimbajwe, hamwe no ku migambi ico kigo, caranguye kandi kibandanya kurangura, hamwe n’intamyi zoba zikiri mu nzira.

Mushobora gutega amatwi ico kiganiro.

Your browser doesn’t support HTML5

Ikigo Shalom