A Yeoman Warder walks through ceramic poppies that form part of the art installation "Blood Swept Lands and Seas of Red" at the Tower of London in London Oct. 29, 2014. Each poppy represents a soldier killed during the WWI.
Igitabo umufasoni Seconde Nimenya yanditse citwa “ Evolving Through Adversity” n’ukuvuga, gutera imbere uiciye mu ntambamyi.
Mur’ico gitabo ahanini gifatiye ku buzima yaciyemwo hamwe no ku mico itandukanye Seconde Nimenya yabayemwo, aravuga ukuntu yashoboye kwishikana aho yishikanye aciye mu nzira zitoroshe, akaba abikesha intumbero yafashe irimwo indome zitatu zo mu Congereza, RRU, (Reflect- Rectify- Unite).
Umufasoni Seconde Nimenya, n’umurundikazi yavukiye kandi yakuriye mu Burundi. Yarabaye kandi mu gihugu ca Canada, imbere y’uko yimukira muri reta zunze ubumwe za amerika.
Mur’ico gitabo ciwe aheruka gusohora, aratanga amakuru ido n’ido y’ukuntu ubuzima bw’abimukira muri za Amerika zo mu buraruko, bumeze.
Mushobora kwumviriza ikiganiro yatanze kw’iradiyo Ijwi rya Amerika, aho Frederic Nkundikiije yafadikanije na Josette Rutababiza hamwe na Joseph Bitamba, mu kumubaza ibibazo vyerekeye ico gitabo ciwe gishasha.