Abahinga bakwirikirana ingwano yo mu gihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, bavuga kw’urwaruko rukoreshwa n’abanyapolitike, rwagize uruhara rukomeye cane mur’iyo ngwano.
Bavuga kw’abanyapolitike batandukanye bo mu gihugu ca Congo hamwe n’abanyapolitike bo mu bihugu bibanyi vy’igihugu ca Congo, bayovya urwaruka, bakarutuma mu bikorwa vyo guteza umutekano muke mu gihugu ca Congo, bisunze inyungu zabo baba bafise mur’ico gihugu.
Barongera bagatera akamo abanyapoltike kabasaba kuvavanura n’iyo nyifato bavuga ko nabo nyene, ata kamaro izobagirira muri kazoza ka kure.