Mu bindi iryo shirahamwe ryimeje kurangura, harimwo guharanira agateka ka muntu.
Mu kiganiro giha ijambo abatumviriza, Ijwi rya Amerika ryaraganiye n’umuyobozi, akaba ari nawe yashinze ishirahamwe, “TUBANE”, Athanase Mbonimpa, Justin Ntezukobakora, musitanteri wa Komine ya Vugizo, mu ntara ya Makamba, Phoebe Niyongere, afasha abapfasoni guhingura amasabuni, bifatiye ku giterwa citwa, “Jatropha”, na Charles Kabura, Agronome ariko agerageza gukwiragiza ico giterwa.
Athanase Mbonimpa, yazanye mu Burundi igiterwa, “Jatropha", akivanye mu karere ko muri Amerika yo mu bumanuko, akaba akorana na Phoebe Niyongere, na Charles Kabura, ku vyerekeye gukwiragiza igiterwa,”Jatropha”, n’ugukora amasabuni avuye muri ico giterwa.
Ishirahamwe, “TUBANE”, ririko rirangura imigambi itari mike, muri Komine ya Vugizo, aho umuyobozi waryo, Athanase Mbonimpa, ariko akorana kuri iyo migambi, na musitanteri w’iyo Komine, Justin Kabura:
Dutege amatwi iki kiganiro:
Your browser doesn’t support HTML5
Ibikorwa vy'Ishirahamwe Ridakorera Inyungu, "TUBANE" mu Burundi