Akaririmbo Gashasha “ Abantu”

  • Frederic Nkundikije

Emelance Niwizere

Ako karirimbo gashasha kiswe “ Abantu. N’akaririmbo kacuraranzwe n’umufasoni Emelance Niwizere, abifashijwemwo mu buhinga bw’ivyuma na “ Buddy” Magloire.
Ako karirimbo n’akaririmbo karyoheye amatwi cane kandi kagaragaza ubuhinga buhanitse mu vyerekeye ukuntu katunganijwe.

Nk’uko Emelance na Buddy Magloire babivuga, ngo vyarafashe igihe kirekire kugira ngo ako karirimbo gasohorwe kuko kitondewe cane.

Mu kiganiro Emy yahaye iradiyo Ijwi rya amerika ari kumwe na Buddy, Annick hamwe na Landry, yarasiguye icatumye yita ako karirimbo kiwe gashasha: “Abantu”.
Mushobora kwumviriza ico kiganiro.

Your browser doesn’t support HTML5

Ikiganiro