Haheze amazi indwi abasirikare b’igihugu c’Ubufaransa hamwe n’abasirikare b’igihugu ca Mali babohoje intara zo mu buraruko bw’igihugu, zari zaracumbitswemwo n’abagwanyi bakorana n’umuhari ukora ibitero vy’iterabwoba, Al Qaida, inyuma y’aho habereye coup d’Etat, mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’2012, abaToouareg bagaca bagumuka mur’iyo ntara.
Mu gisagara ca Gao cari carigaruriwe n’abarwanyi, abanyagihugu bitavye amatora ari benshi cane: Yamara mu gisara ca kure muraruko citwa Kidal, arinaco cahoze ar’icicaro c’abaTourareg, abanyagihugu ntibitavye cane ayo matora.
Naho muri rusangi ayo matora naho yitabwe cane, hari abanyagihugu bavuga ko batashoboye gutora kuko bababuze ibibanza, bategerezwa gutorerarmwo.
President w’imfakibanza nawe, Diouncounda Traore yarateye akabo abanyapolitike bariko baritoza, kabasaba kugendera demokrasi gushika ku munota wa nyuma, hamwe no kwemera ibizoba vyavuye mu matora.
Twaraganiye na president Pierre Buyoya; intumwa idasnazwe y'umukuru w'ishirahamwe rya Afrika mu gihugu ca Mali, araheza aratubwira ukuntu yabonye ayo matora:
Mushobora kwumviriza.