Abategetsi b’igihugu ca Libya, batangaje kw’abasirikare batandatu bishwe, mu gutana mu mitwe kwabaye, hagati y’inteko zidasanzwe, n’abantu bitwaje ibirwansiho, bihereje ibibanza bitari bike vy’igisirikare.
Ukwo gutana mu mitwe kwadutse, mu gitondo c’ejo ku wa gatandatu, mu gisagara ca Benghazi, kiri mu buseruko bw’igihugu ca Libya.
Ababa muri ico gisagara, bavuga kw’uruhagarara rwatanguye, amasaha atari make inyuma yuko umurwi w’abantu binjiye, mu kibanza c’igisirikare, mu gisagara ca Benghazi.
Nta witiriye buno nyene ico gitero. Yamara harabaye umwuka mubi, mu gisagara ca Benghazi ,kuva ugutana mu mitwe kubaye hagati y’abari mu myiyerekano, n’abarwanyi bari ku ruhande rwa Reta, mu vyahitanye abantu mirongo itatu n’umwe, mu ndwi iheze.
Ugutana mu mitwe kwatanguye, igihe abari mu myiyereno, bihereza ikibanza c’igisirikare gjkoreshwa n’Abarwanyi b’Aba Islamu, bahabwa amafranga na Reta, kugira bafashe kwubahiriza mutekano.
Ivyo vyatumye umutegetsi mukuru w’igisirikare, yari ayoboye abo barwanyi, atanga imihoho.
Yaranebaguw,e kuba yaratebesheje gushiraho igisirikare c’igihugu, n’ukuba yarekuriye abarwanyi kwongereza inguvu.