Umurwi M23 Uvuga Kw’Ibiganiro Vyahagaze

Olivier Mandevu

Umurwi M23 urwanya ubutegetsi bwa Congo warahagaritse ibiganiro na reta ya Congo, ukkaba urega reta ya Congo ko yahevye ivyo biganiro.
Abarwanya ubutegetsi bavuga kandi ko kugira ibiganiro, ar’uguta umwana mur’iki gihe ishirahamwe mpuzamakungu ririko rirarungika inteko zifise uburenganzira bwo gutera uyo murwi mu buseruko bwa Congo.

Reta ya Congo yoyo, irahaka kw’itavuye mur’ivyo biganiro, ikaba ivuga kw’abarwanya ubutegetsi mu murwi M23, aribo bavuye mu biganiro. Reta ya Congo ivuga kandi kw’ivyo biganiro bitagenze neza, kuko abarwanya ubutegetsi bagumye basaba ibintu bidashoboka.

Mu kiganiro cacu Dusangire Ijambo co ku musi wa mungu, igenekerezo rya 5 ry’ukwezi kwa gatanu, abanyecongo babiri banonosoye ivyerkeye ubuseruko bwa Congo, Gode Chiri Haguma, yigeze kwitoza kuba umushingamateka, hamwe na Olivier Mandevu, arongoye ishirahamwe Gatumba Refugee Survival Foundation, baratubwiye ukuntu babona ivyo biganiro vyahagaze, hamwe n’icokorwa kugira ngo irya ntara ibonekemwo amahoro:

Mushobora kwumviriza.

Your browser doesn’t support HTML5

Ibiganiro vy'amahoro muri Congo