Syria Yariyamirije Umurwi w’Ishirahamwe O-N-U Ujejwe Gutohoza Ibirwanisho Vyicisha Imyuka

  • VOA Africa

Ibibanza birimwo ibirwanisho vyicisha imyuka mu gihugu ca Syria

Reta y’igihugu ca Syria yariyamirije ivyasabwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban-Ki-moon, vy’ukurekurira umurwi w’abajejwe itohoza, gutohoza ikoreshwa ry’ibirwanisho vyicisha imyuka, mu ngwano muri Syria.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu ca Syria, bwatangaje ko Reta ya Syria yifuza kurekurira abajejwe itohoza, mu mihana y’ahitwa Khan al-Assal, hafi y’igisagara ca Aleppo, aho abarwanya ubutegetsi bavurwa ko bakoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka, mu kwezi guheze.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon, yatangaje, ejo ku musi wa mbere, kw’umurwi ujejwe itohoza witeguriye kurungika abajejwe itohoza, muri Syria, mu masaha mirongo ibiri n’ane yimirije.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire muri Syria, bwariyamirije ico ciyumviro, mu kuvuga ko kwoba ari kurenga ku bwigenge bw’igihugu ca Syria.

Reta ya Syria, n’abarwanya ubutegetsi, baragirizanije, ku vyerekeye ikoreshwa ry’ibirwanisho vyicisha imyuka.