Igihugu ca Sudani Caratanguye Kurekura Abanyororo Bapfungiwe ivya Politike

  • VOA Africa

Presida wa Sudani, Omar Hassan al-Bashir ari kumwe na prezida wa Irani, Mahmoud Ahmadinejad

Abategetsi b’igihugu ca Sudani bararekuye abanyororo bapfungiwe ivya politike indwi, umusi umwe inyuma yuko prezida Omar al-Bashir ategetse irekurwa ry’abanyororo bose, bapfungiwe ivya politike.

Abo banyororo, bagizwe n’abagabo batandatu, n’umupfasoni umwe, barekuwe, ejo ku musi wa kabiri, ku murwa mukuru, Karthoum.

Bose n’abanywanyi w’b’ururani rukomeye, rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta.

Bari bapfunzwe kuva ,mu kwezi kwa mbere, inyuma yuko bateye igikumu, ku rwandiko, mu gihugu ca Uganda, rwasaba ikurwa ku butegetsi, rya prezida Bashir.

Kw’iyugururwa ry’inama nshingamateka, ejo ku musi wa mbere, prezida Bashir yategetse irekurwa ry’abanyoro bose, bapfungiwe ivya politike, mu twigoro tw’ukugirisha ibiganiro n’abarwanya ubutegetsi, hamwe n’abatavuga rumwe na Reta, ku vyerekeye ibwirizwa nshingiro rishasha.

Abategetsi, mu gihugu ca Sudani, bavurwa ko bapfunze abandi bantu amajana n’amajana, bagize imyiyerekano, hamwe n’abategetsi b’Abanyepolitike.

Ivyerekeye igihe abandi banyororo bashobora kuzorekurwa, ntibitomoye